- Ingingo zo kurwanya ikiza zakuweho mu bice bimwe bimwe hagati mu ntara ya NSW
- Inyamirabi mu kubuza ingendo zitemewe hagati mu ntara ya Victoria
- ACT yahinduyeuburyo bwo kwimenyekanisha ko winjiye ahantu ikoresheje “application” CBR
- Umwe niwe yanduye mu ntara ya Queensland
New South Wales
Abagera 1,405 nibo banduye mu ntara ya NSW, mu gihe abagera kuri batanu bahasize ubuzima.
Uwurongoye intara Gladys Berejiklian yamenyesheje ikurwaho z’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza uhereye ku wa Mbere inyuma yaho intara ya NSW irengeje igitigiri ca 70 c’abicandagishije incanco zose za COVID-19 “lifting restrictions from the Monday after NSW passes the 70 per cent double vaccination target.”
Ingingo zo kuguma mu rugo ntizizokurikizwa, hama abantu batanu barashobora ku kugendera iwawe mu rugo mu gihe abakuze bose bicandagishije. Ibibanza vyo kuryoherererwamwo, ubudandaji, ibibanza vyo kwinonoremo co kimwe n’aho bakoresha imishatsi, inzara hazokwugururwa ariko hubahirijwe ingingo y’umuntu umwe kuri metero kwadarato.
Kuva itariki 11 Nyakanga, guma mu rugo izokurwaho hamwe hamwe mu ntara hagati ‘parts of regional NSW’ hatigeze hagira umuntu yanduye mu kiringo c’indwi zibiri.
Victoria
Uno musi intara ya Victoria yagize abantu 324 banduye ikiza, muri abo 107 bakaba bandujwe n’abarwaye ico kiza.
Inyamiramabi muriyo ntara zikaba zizokwongerezwa ibitigiri mu ntumbero yo kubuza abasanzwe baba mu gisagara ca Melbourne kuja hagati mu ntara mu gihe ingingo zo kurwanya ikiza zotezurwa kw’itariki 09 Nyakanga.
Ihadabu yo kutubahiriza ingingo no kugerageza gufata urugendo ugana hagati mu ntara utabirekuriweishobora gushika ku AUD $5,500.
Australian Capital Territory
Umugwa mukuru wa Australia ACT wagize abashika 15 banduye ikiza mu gihe umunani bacidengemvya mu kibano kandi banduye.
Ibigezweho mu kwimenyekanisha ukoresheje ‘app CBR’T Check In CBR app igifasha kuronka ubutumwa bugufi bukubwira yuko winjiye ahantu handuriye abantu benshi. Ikarata ifise ubuhinga bwa ‘QR” card with a QR code iraboneka kuri uwo wese adakoresha terefone ngendanwa zigezweho.
Saba umubonano wo kwicandagisha ngaha book your vaccination.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza
Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:
Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha.Fyonda ngaha 'Click here' ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.
- Amakuru n’ibigezweho mu ndimi zirenga 60 kuri sbs.com.au/coronavirus
- Ivyangenderwako mu ntara yawe canke igisagara : NSW, Victoria, Queensland, Western Australia, South Australia, Northern Territory, ACT, Tasmania.
- Amakuru k’urucanco rwa coronavirus mu kirimi ukoresha COVID-19 vaccine in your language.
Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health
Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:
Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara: