Ibigezweho kuri COVID-19: Abanduye Omicron muri Australia babandanya kwiyongera

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 7 Kigarama 2021.

Yvette D'Ath Waziri wa Afya wa Queensland

Waziri wa Afya wa Queensland Yvette D'Ath, asema wanataka kila mtu awe na krismasi salama pamoja na wapendwa wao. Source: AAP Image/Darren England

  • Abagera 180 begereye ishuri riri ku murwa mukuru Canberra bategetswe kwishira mu kato nyuma yaho bikwetseko banduye umugera wa Covid-19 uzwi nka Omicron.
  • NSW yatoye abanda bantu batandatu banduye, ivyo bikaba vyatumye abanduye bose uyo mugera bagera kuri 31.
  • Kuva itariki 17 Kigarama, abatarikingiza bazokumirwa mu bibanza bimwe bimwe muri Queensland (raba ngaha ivyo bibanza non-essential places of business.)
  • Umushikiranmganji ajejwe amagara y’abantu yamenyesheje yuko hari uwanduye umugera  muri Gold Coast bizananye mu kigo kibamo abakukuruke, ariko gushika ubu akaba atawundu aratorwamo uyo mugera muri ico kigo.
  • Ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Australia Red cross bwasanza yuko umuntu umwe kuri batatu bataryoherewe imisi mikuru yimirije ugereranije n’iyindi myaka, mu gihe 61 kw’ijana batewe amakenga n’imiryango isugerejwe mu gihe ingingo zijanye n’ingendo zigumyeho.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19:

Victoria yagize abashika 1,185 banduye n’abandi indwi bitavye Imana

NSW, handuye 260 mu gihe babiri bitavye Imana

ACT habonetse batatu, Queensland umwe.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha here



Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Find out what you can and can't do in your state or territory

“Menya ivyo wemerewe gukora nivyo utemerewe gukora mu ntara canke igisagara urimo”

Ingendo

Amakuru kubafata ingendo njabukamazi “Information for international travellers” na COVID-19 hamwe n’ayandi makuru ku ngendo mu rurimi ukoresha in language

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha ‘Getting help during Covid-19 from Services Australia in language







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 

 


Share

Published

By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS

Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service
Ibigezweho kuri COVID-19: Abanduye Omicron muri Australia babandanya kwiyongera | SBS Kirundi