Ibigezweho kuri COVID-19: Abatu basabwa gufata urukingo rwongereza ubushobozi izo bafashe

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 3 Munyonyo 2021.

Travellers arrived on the first quarantine free international flights in 590 days arrive at Sydney International Airport, Monday,

Travellers arrived on the first quarantine free international flights in 590 days arrive at Sydney International Airport, Monday, November 1 2021. Source: AAP

Umugamwbi wo kwikingiza (Kwicandagisha)

  • Muganga mukuru w’intara ya NSW Dogiteri Kerry Chant asaba uwo wese afise imyaka 18 kurenga kandi akaba amaze gufata urucanco rwa kabiri rwa COVID-19 mu gihe c’amezi atandatu aheze, ko yofata urundi rucanco rwongereza inkomezi izo yafashe ubwa mbere rwo mu bwoko bwa Pfizer.
  • Uyo muganga agirako amenyesha yuko nabo bose bafashe urucanco rwa Astra Zeneca ubwa mbere mu gihe c’amezi atandatu aheze, ubu barakeneye urundi rucanco rwa Pfizer rwongereza inkomezi urwo yafashe.
  • Intara yo mu burengero (Western Australia) ntabwo ariyo igifise abantu bake bicandagishije, ahubwo ubu n’intara yo mu buraruko (Nothern Territory), aho ibice 63.9 kw’ijana aribo bamaze kwicandagisha gusa incanco zose.
Abafise viza  z’agateganyo

  • Igisabo ‘petition ‘ abantu barenga 40,000 bashize umukono basaba reta  ngo abari kuri viza z’agateganyo bahabwe uburenganzira bwo gusohooka igihugu no kwinjira.
Ibitigiri kuri COVID-19

  • Victoria yagize abantu bashika 941 banduye COVID-19, mu gihe umunani bitavye Imana
  • Abashika 190 nibo banduye muri NSW , aho bane bitavye Imana.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel na Quarantine
QLD Travel na Quarantine
SA Travel na Quarantine
TAS Travel na Quarantine
WA Travel na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha Click here  ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.





Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 


Share

Published

By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS

Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service
Ibigezweho kuri COVID-19: Abatu basabwa gufata urukingo rwongereza ubushobozi izo bafashe | SBS Kirundi