Ibigezweho kuri COVID-19: Victoria gukoresha ubuhinga bwihuta bwo gusuzuma

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 06 Gitugutu 2021.

Victorian Health Minister Martin Foley (left) and Victorian COVID-19 Commander Jeroen Weimar arrive to address the media during a press conference in Melbourne, Wednesday, October 6, 2021.

Victorian Health Minister Martin Foley (left) and Victorian COVID-19 Commander Jeroen Weimar in Melbourne, Wednesday, October 6, 2021. Source: AAP/James Ross

 
  • Victoria kugura ibizofasha muriryo suzuma ryihuta kuma miriyoni $2.2
  • NSW yashizeho uburyo bushasha bwo gufasha abikirorera utwabo bari mu bibazo
  • Ibice birenze 66% vy’abarengeje imyaka 12 baramaze gucandagwa incanco zose muri Canberra
  • Ntamumwe yanduye muri Queensland


Victoria

Abantu bashika 1,420 nibo banduye mu ntara ya Victoria. Cumi n’umwe bitavye Imana, ivyo bitigiri vy’abahitanywe na COVID-19 bikaba vyose bishikanye igitigiri c’abangana na 68 kuva kino kiza gisubiriye kwiha inkumbi gushasha.

Reta ishaka gushira mu ngiro umugambi w’imiriyoni 2.2 z’amadorare (AUD$2.2 million) mu gukoresha uburyo bwihuse cane mu gusuzuma biciye mu gisata cose c’ubuvuzi, imbere yuko bishikirizwa mu “tundi duce tubangamiwe” harimwo amashuri, serivisizihutaw n’ibindi.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Martin Foley yamenyesheje yuko abanye Victoria barenga 90,000 nibo bicandagishije ejo haheze, ivyo bikaba bingana nica kabiri c’incanco zatanzwe mu gihugu cose ku wa Kabiri itariki 5, Gitugutu.

Rondera aho wicandagisha vaccination centre hakwegereye

New South Wales

Intara ya NSW yagize abashika 594 banduye n’abashika cumi bahitanywe n’ico kiza.

Umugambi mushasha wiswe ‘Hardship Review Panel’ washizweho kugira ngo ushigikire mu buryo bw’amafaranga abasanzwe bikorera utwabo bariko baraca mu bibazo vy’amafaranga ariko bakaba basanzwe batemerewe imfanshanyo y’ahabwe abikorera utwabo bagizweko ingaruka na COVID-19.

Uyo murwi uzo kwiga ikibazo c’umuntu ku giti ciwe atashoboye kwuzuza ibisabwa n’amategeko kugira aronke imfanshanyo y’umwaka wa 2021 yahawe abikorera utwabo basinzikajwe na COVID-19 muco bise ‘2021 COVID-19 Bursiness Grant, Micro-business Grant and JobSaver payments.”

Fyonda ngahabook your vaccine appointment  Usabe umubonano wo gufataurucanco uno musi.

Australian Capital Territory

Umugwa mukuru wagize abantu 28 banduye, mu gihe umwe yahitanywe n’ikiza COVID-19.

Umwaka akiri muto cane nawe yatowemo umugera mu gihe yari mu bitaro ‘Centenary Hospital for Women and Children’ avugwa.

Ubu hari abashika 395 banduye muri rusangi aho muri ACT.

Fyonda ngaha book your COVID-19 vaccination.  Usabe umubonano wo gufataurucanco

Vyari vyifashe gute mu masaha 24 aheze.

  • Uwuserukira intara ya Queensland Annastacia Palasz,czuk asaba abantu baba mu gace ka Ipswich, Logan, Beaudesert na Sunshine Coast kwicandagisha mu gihe Brisbane iriko iregereza ibice 70 kw’ijana vy’abamaze kwicandagisha urucanco rwa mbere.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:         

NSW Travel & transport na Quarantine
VIC Travel permitOverseas travellers na Quarantine
ACT Transport na Quarantine
NT Travel  na Quarantine
QLD Travel  na Quarantine
SA Travel  na Quarantine
TAS Travel  na Quarantine
WA Travel  na Quarantine

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha. Click here ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi Smart Traveller.





Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:

COVID-19 Vaccination Glossary
Appointment Reminder Tool.



Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory 



Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

NSW 
Victoria 
Queensland 
South Australia 
ACT 
Western Australia 
Tasmania
Northern Territory


Share

Published

By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS

Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service
Ibigezweho kuri COVID-19: Victoria gukoresha ubuhinga bwihuta bwo gusuzuma | SBS Kirundi