Ibigezweho kuri COVID-19: Ni nde yokoresha serivisi yo kwicandagisha ari mu rugo iwe?

Aha uhamenyera ibigezweho muri Australia kw'itariki 25 Ruhuhuma 2022

Victorian testing commander Jeroen Weimar

Victorian testing commander Jeroen Weimar Source: AAP

  • Komanda Jeroen Weimar asanzwe ajejwe ivy’ikiza COVID-19 muri Victoria, yavuze ati mu gihe abantu boba bipfuza gukoresha serivisi zo kwicandagisha mu ngo zabo, bakwiye kubanza kuvugana n’abaganga babo canke bakegera abajejwe amagara y’abantu ubwa mbere.
  • Udufukamunwa turakurwaho ahenshi mu makoraniro abera imbere mu mazu mu bice vyo mu buseruko, mu gihe udufukamunwa twongerejwe igihe co kutwambara muri Western Australia.
  • Akamo ko ku rwanya ihadabu yatozwa kubarenze amategeko ya COVID-19 kagiye kwumvirwa aho abageramiwe kurusha abanda bagiye gutezurirwa co kimwe n’abadashoboye kuriha.
  • Muri NSW, uhereye uno musi  sitegeko kwamba agapfukamunwa mu bikorwa bibera imbere mu nzu,ariko tukazokwambarwa mu vyuma rusangi vyo kwiyunguruza, mu bitaro eka no mu mazu ahuririkiyemo abari mu zabukuru.
  • Udupfukamunwa tuzokenerwa kubashaka gusura abari mu busho hamwe n’ibiteramo vy’umuziki bibera mu nzu imbere birengeje abantu 1000.
  • Uwujejwe amagara y’abantu muri Victoria Martin Foley yavuze yuko reta iriko iritwararika kugira ngo incanco zishobora kubonwa na bose. Yavuze yuko hagunda yo gukoresha incanco abantu bari mu ngo zabo izokwongerezwa ikiringo mbere yuko bazoshiraho n’utuzu two kwicandagisha mu bigo vy’amasengero, aho binonorera imitsi, ibirabo n’amashuri.
  • Muri Victoria udupfukamunwa tuzogumaho kubanyeshuri bari mu mwaka wa 3 mu mashuri y’intango kuduga, abakora mu mashuri y’abana bari mu bitamwaka co kimwe n’abari mu mashuri y’intango.
  • Yavuze gutyo ngo kubera yuko amashuri y’intango atarigera aronka incanco zibiri
  • Muri South Australia, gutamba co kimwe no kuririmba bizokwemererwa mu manza z’umwihariko co kimwe n‘ibibanza biberamo inkino ngo aho bashobora kwicara no hanze, hama mu bibanza naho  aho abantu banywa bahagaze ngo ivyo bibanza bizokwakira ibice 50 kw’ijana vy’abantu ico kibanza gisanzwe cakira.
  • Reta ya Hong Kong yemeje itegeko ridasanzweriha ububasha abaganga co kimwe n’abaforoma bakomoka mu Bushinwa ngo bakore muri ico gihugu mu ntumbero yo gufasha ku rwanya ikiza ca coronavirisi.


Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

Muri Queensland abantu 5,440 nibo bandu COVID-19 hamwe n’indwi bitavye Imana. 350 nibo bari mu bitaro, n’abandi 30 baremvye cane.

Muri Tasmania umwe niwe yitavye Imana, ahama 851 nibo banduye uwo mugera. 11 nibo bari mu bitaro kubera banduye, n’abandi 2 baremvye cane.

ACT ifise abantu 41 bari mu bitaro banduye COVID-19 hamwe n’abandi batatu baremvye cane, Nta muntu yabuze ubuzima ariko abashika 773 bakaba aribo banduye.





Soma amakuru kuri COVID-19 vaccines in your language mu kirimi cawe



Rondera aho wokwisuzumisha COVID-19

ACT   New South Wales   Northern Territory   Queensland   

South Australia   Tasmania   Victoria   Western Australia  



Andika canke umenyeshe inyishu waronse ngaha ukoresheje RAT, mu gihe wanduye

ACT   New South Wales   Northern Territory   Queensland    

South Australia   Tasmania   Victoria    Western Australia



Menya ivyo wemerewe n’ivyo utemereze ahariho hose muri AUstralia what you can and can't do 

Ukaba ukeneye ubufasha bw’amafaranga, check what your options are


Ngaha urarushirizaho gutahura amajambo akereshwa gutandukanye kubera mu kirimi cawe COVID-19 jargon in your language



Soma amakuru yose kuri COVID-19mu kirimi cawe ngha SBS Coronavirus portal.


Share

Published

Updated

Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama

Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service
Ibigezweho kuri COVID-19: Ni nde yokoresha serivisi yo kwicandagisha ari mu rugo iwe? | SBS Kirundi