Twebwe, twaje tuvuye mu mihingo yose y’amj’epfo twakoranye mukwa w’2017 kubw’amasezerano y’ibwirizwashingiro tukaba dushikije ibi bikurikira turi hano k’umutima w’uwu musozi:
Amoko y’abasangwabutaka bazwi nkab’Aboriginal hamwe naba Torres Strait Islander aribo bene gataka k’umugabane wa Australia hamwe n’amazinga yaco, baka ari benebwo hamwe n’imico n’imigenzo imbere y’amatego yacu. Ibi n’ivyo ba sogokuruza bacu bakoze, twisunze kahise k’imico n’akaranga vyacu, kuva mw’itanguriro hisunzwe amategeko y’aho hambere cane hamwe n’ubumenyi bwa siyanse haheze imyaka irenga 60,000. Iryo ragi, n’umurage udashobora kunyohwa n’ibihugu canke ngo uzimanganywe n’igihugu: igisanira kiri hagati y’ubutaka hamwe n’abasangwabutaka bazwi nkaba Aboriginal hamwe n’aba Strait Island bavutse muri kahise kindengagihe kiracariho, kandi ni ngombwa umusi umwe rizosubizwa mu kibanza caryo ngo risubire rinywanishwe n’abakurambere bacu. Iri sano niryo rufatiro rwerekana yuko buno butaka ari inyegu yacu. Ntibwigeze butangwa canke ngo buzimanganywe na reta. None bigenda gute? Ngo abantu babe batuye ku gataka mu kiringo c’ibinjana 60 hama bino bisanira vyeranda ngo biburigwe irengero muri kahise k’isi mu kiringo c’imyaka yababa 200? Hamwe n’impinduka co kimwe n’isubirwamo ry’ibwirizwa shingiro, turizera yuko uno mu rage wacu uzokayangana gose nk’ikimenyetso gishitse c’igihugu ca Australia. Hagereranijwe ibitigiri, ni twebwe bantu benshi bari mu mabohero kw’isi hose. Ntabwo twavutse turi inkora mabi. Abana bacu bakurwa mu miryango yabo ku rwego ruri hejuru cane kandi mu buryo budasobanutse. Ibi ntibishobora kuba mu kwitwaza yuko tutabakunda. Urwaruka rwacu rwirirwa ruyebayeba mu mabohero ku bitigiri birenze. Bakwiye kuba ivyizigiro vyacu vya kazoza. Ibi n’ibimenyetso ntamusiga vyerekana neza imvo n’imvano y’ingorane dufise. Ibi n’ukudutera ibibazo vyo mutwe birenze mbere bikaviramo ukutagira ubushobozi na gake. Twifuza impinduka mw’ibwirizwa shingiro zigamije guha ubushobozi abantu bacu ngo baronke uburenganzira bwo kuronka ikibanza nyaco mu gihugu cacu. Mu gihe tworonka ubushobozi bwo gufata mu minwe kazoza kacu, abana bacu bazoter’imbere cane. Bazogendera mu bihugu bibiri hama imico n’akaranga vyabo bizoba agashimwe ku gihugu cabo. Turasaba itunganywa ry’ikibanza mw’ibwirizwa shingiro cerekana ijwi ry’abaho hambere . ‘Makarrata’ bisigura Ibirori vyerekana ko amahoro yagarutse inyuma y’amatati n’ivyo bizokwuhira iki gikorwa: kuza hamwe tukanywana inyuma yaya makuba. Vyerekana ubushake bwacu kugira habe imigenderanire nyakuri kandi iri mu kuri n’abantu bo muri Australia hamwe n’akazoza kabereye abana bacu gashingiye k’ubutungane hamwe no kwiyemeza. Tuzoshiraho Komisiyo Makarrata kugi ngo ikurikirane ishigwa mu ngiro ry’ayo masezerano hamwe n’Ibihugu vya mbere hamwe no kubwizanya ukuri kuri kahise. Mu 1967 twaraharuwe, mu 2017 dushaka kwumvirizwa. Tuve aho twabarizwa gutyo dutangure urugendo mur’iki gihugu cose. Turabahamagariye ngo mwifatanye natwe mu rugendo rw’abantu bafise kazoza keza bo muri Australia.
Ushaka kumenya vyinshi ja ku rubuga ngurukanabumenyi Uluru Dialogue kuri www.ulurustatement.org or canke urungike ikete muravyo (email) mu kigo Ingigenous Law Centre, kiri muri kaminuza, UNSW ilc@unsw.edu.au
SBS yashikirije iryo jambo ryavugiwe k’umutima w’umusozi Uluru mu ndimi 63 mu ntumbero yo kubandanya ibiganiro n’imiryango iva mu bihugu bifise imico n’akaranga bitandukanye mu ndimi zabo.